Losha TV

Losha TV Ikinyamakuru ci genga gishikiriza amakuru mashasha mubisata vyose vyi Gihugu nacane cane mubijanye na Sport ziyandukanye hamwe nimyidagaduro.

Urutonde rw’abantu  66 nibo bashizweho ninzego zikukira ishirahamwe rirongoye umupira wamaguru mu Burundi kugira habe im...
13/01/2022

Urutonde rw’abantu 66 nibo bashizweho ninzego zikukira ishirahamwe rirongoye umupira wamaguru mu Burundi kugira habe impinduka mumupira w’amaguru.
Uru rukaba ari urutonde rwatanzwe naburi umwumwe mubarongoye ama commission atandukanye:
1. COMMISSION DES FINANCES
Vice-Président : NTAKARUTIMANA Moise
Secrétaire : IRADUKUNDA Claude
Membres : MANIRAKIZA Emery
NKURUNZIZA Joël
2. COMMISSION DES COMPETITIONS
Vice-Président : KIBUGA Ramadhan
Secrétaire : KALUYA Jean de Dieu
Membres : SHAKA Myriam
MAZUNZA Aloys
MUSOMA Juma
BAGUMA Gustave
3. COMMISSION NATIONALE DES ARBITRES
Vice-Président: NDUWARUGIRA Jean Marie
Secrétaire: BIRUMUSHAHU Jean Claude
Membres: NAHAYO Jean
MANARIYO Reagan
NGENDAKURIYO Emmanuel
IDOLI Omar
4. COMMISSION TECHNIQUE ET DEVELOPPEMENT
Vice-Président : NIYUNGEKO Alain Olivier
Secrétaire : ININAHAZWE Belyse
Membres : NDAYIZEYE Jimmy
NIYONKURU Gustave
NIMUBONA Martine
AMIDOU Hassan
5. COMMISSION FOOTBALL DES JEUNES
Vice-Président: NTAWURUTIMANA Corneille
Secrétaire: NZAMBIMANA Claude
Membres: NDIKUMANA Laurent
NDAYIKENGURUKIYE Déo
NGABONZIZA Gérard
IRAKOZE Ruben

6. COMMISSION RELATIONS PUBLIQUES
Vice-Président: NKESHIMANA Melchiade
Secrétaire: MAZINA Blandine
Membres: NIYONGERE Achel
NDAYISHIMIYE Warren Chebby
NIYONKURU Souleymane
IRADUKUNDA Nicole
7. COMMISSION BEACH SOCCER ET FUTSAL
Vice-Président: NSENGIMANA Noel
Secrétaire: NDIKURIYO Samuel
Membres: NDORERAHO Belinda
NSENGIYUMVA Jean Francois
MADANGANYO Seif
NIZIGIYIMANA Innocent
8. COMMISSION DE LA MEDECINE SPORTIVE
Vice-Président: Dr NKESHIMANA Anatole
Secrétaire: MUNEZERO Annick
Membres: RUBANGANYA Jean Paul
KAGOMA Jean Berchimas
NDUWIMANA Longin
MUDEYI Gustave
9. COMMISSION JURIDIQUE
Vice-Président: MUNEZERO
Secrétaire: BARANKITSE Pacifique
Membres: NKUNZIMANA Jean Marie Vianney
NSABIMANA Anselme
10. COMMISSION DU STATUT ET TRANSFERTS DES JOUEURS
Vice-Président: NKURIKIYE Emmanuel
Secrétaire: Maitre NDIKUMANA Alexandre
Membres: GAHINGA Salum Faimu
NIMENYA Innocent
11. COMMISSION DE SECURITE
Vice-Président: OPC1 RYAKIYE Isidore
Secrétaire: OPP1 NGENZIRABONA Bienvenue
Membres: OPC2 NDORERAHO Bonfort
Major NIHORIMBERE Alexandre
OPP2 NZOHABONAYO Patrice
OPC1 NDUWAYO Aloys
12. COMMISSION FOOTBALL FEMININ
Vice-Président: MIZERO Marie Chantal
Secrétaire: MANIRAKIZA Gabriel
Membres: KAMARIZA Jeanine
IRAKOZE Joselyne
SHURWERYIMANA Honnête
BAGENZA Bénigne
Inyuma yuko bose bamaze kwemezwa mumwiherero wariko urabera mugisagara ca Ngozi baciye babandanya b**a uko bazokora muri rusangi biciye muvyo uwurongoye buri commission yashikirije.
Ukaba ushaka kumenya vyinshi muri sport dukurikirana kuri page yacu:
https://www.facebook.com/loshaTV

Hokorwa iki kugira abamenyereza ntibagume bidogera ishirahamwe ryumupira wamaguru muburundi ?Imirwi myinshi yo mucicaro ...
12/01/2022

Hokorwa iki kugira abamenyereza ntibagume bidogera ishirahamwe ryumupira wamaguru muburundi ?
Imirwi myinshi yo mucicaro cambere mwihiganwa rya Primus Ligue iridoga cane bivanye nuko basanga abakinyi babao bahanywe bivanye namakarata yumuhondo bagiye bararonka munkino ziba zaraheze. Kumusi wambere wigice kigira kabiri mwiryo higanwa (phase Retour) haribonekeje ukudatahura neza uko ubuhinga bwa FIFA bukora kubamenyereza batandukanye, mugihe umukinyi baba baziko azokina maze bagasanga baramuhagaritse murubwo buhinga.
Mbega ubwo buhinga bukora gute canke abamenyereza bomenya gute ko umukinyi runaka yoba yahagaritswe kurukino rukurikira?
Reka twifashishe urubuga rwa FIFA arirwo bita Connect rusanzwe rukoreshwa nimirwi yose yo mucicaro cambere hamwe nicicaro cakabiri.
Urwo rubuga buri murwi urafise umuntu asanzwe arukoresha mugushiramwo urutonde rwabakinyi baza gukina urukino. Muruko kurukoresha ninaho ushobora kumenya ko umukinyi wawe yoba yarahagaritswe.
Urwo rubuga rugafasha imirwi yose kwitunganya kugira ntihagire uwo bitagenda neza, urwo rubuga nyene rutuma ihana hana ryabakinyi rinyaruka kandi rugakingira abakinyi hamwe nimirwi mugihe hoba ububeshi mwihanahana ryabakinyi.
Ukutamenya uko urwo rubuga rukoreshwa rero, hari abamenyereza batari bake bidoze ko bishobora kuba bibera kubajejwe ubuhinga mukigo kijejwe ivyinkino zamaguru ariko munyuma bagiye batahura ko ataribo bivako ahubwo ari ubuhinga bwurwo rubuga rwa FIFA.
Uko urwo rubuga rukora :
1. Mugihe umukinyi yaronse ikarata zumuhondo zibiri munkino zibiri hama agahabwa ikarata itukura atarakwiza ikarata zitatu, arabanza agahanwa kubera iyo karata itukura yaronse.
2. Mugihe igihano akimaze cikarata itukura, akongera akaronka iyindi karata 1 gusa yumuhondo aca yongera agahagarikwa kubera zimwe zibiri yari yararonse imbere yuko aronka ikarata itukura.

Iciza cubu buhinga bwa FIFA
Ivyiza biriho murubu buhinga nacane cane ko twari tumenyereye abantu bashwana ko umukinyi aruwabo bose bikaja mumanza mwishirahamwe ryumupira wamaguru ariko uru rubuga rwaje gukuraho impari canke ukwama mumanza zidahera.
1. Umukinyi iyo yamaze kwandikwa mururwo rubuga ntawushobora kubesha ko umukinyi aruwiwe kubera aba afise aho yiyandikishije bakimushira mururwo rubuga.
2. Ihanahana ryabakinyi riranyaruka rikaba mukiringo gito cane.
Hokorwa iki kugira abamenyereza ntibaze baridoga mugihe hageze urukino ?
Kugira ntihaze harabaho ukwidoga kwabamenyereza bakwiye guhimiriza abasanzwe bakoresha urwo rubuga rwa FIFA arirwo Connect ko boza bararaba kururwo rubuga inyuma yuko abajejwe ivyinkino bamaze gutanga ukwo inkino zagenze niho uca ubona abahagaritswe bose mumurwi wawe maze ukamenya uko uvyitwaramwo.
Aba nibo bakinyi batazokina kundwi ya 17 yihiganwa rya Primus Ligue Burundi.
1. NAHIMANA SHASSIR (BUMAMURU)
2. JAMARI BAZUNZA (BUMAMURU)
3. LAMADHAN SALUM (BUMAMURU)
4. NICOLAS KANYAMUKENGE (AIGLE NOIR CS)
5. AKIMANA TRESOR (BUJA CITY)
6. NDIKUMANA CHRIS (MUSONGATI)
7. MURYANGO MOUSSA (MUSONGATI)
8. IRADUKUNDA PARFAIT (OLYMPIC STAR)
9. NDUWAYO AIZAK HASSAN ( NEW OIL)

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Losha TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Losha TV:

  • Want your business to be the top-listed Computer & Electronics Service?

Share